Abagabo Bubatse Izabo Bashobora Kuba Abapatiri muri Bresil?

Papa Faransisiko ni umwungeri wa Ekleziya Katolika

Abatari bake mu bihebeye Imana muri Ekleziya Katorika ya Amerika y’ubumanuko bashigikiye ko abagabo bubatse izabo mu karere ka Amazonie bemererwa kuba abapatiri.

Uruhande rusaba ko ubuseribateri ku bapatiri buvanwaho rusigura ko abahurumbira ubupatiri batera bagabanuka na cane cane muri Amazonie.

Mu nama idasanzwe y’abepiskopi katorika ku bibazo bitandukanye bivugwa muri Amazonie iriko ibera i Vaticano mu Butaliyano kuva kuwa mbere, umwe mu basenyeri bakukurutse muri Brezil yibukije bagenzi biwe. Yababwiye ko bibiri vya gatatu vy’abepiskopi bo mu karere ka Amazonie bashigikiye ko abagabo bahumuye, biyubashe kandi batagoyagoya mu kwemera kwabo bokwemererwa kuba abapatiri.

Musenyeri Erwin Kräutler yabwiye abamenyeshamakauru ko ata kundi vyogenda kuko abanyagihugu bo muri Amazonie bakomeje kubisaba. Yitanze ko akarorero avuga ko iyo agiye kugendera abanyagihugu bakunze kumubaza bati : " Umugore wawe ari he? ", yababwira ko atawe afise bikabatera ikigongwe.

Musenyeri Erwin yasiguye ko ibanga ryo kwemererwa gutanga Ukaristiya nka patiri rirengeye na kure ubuseribateri bw’abapatiri bwatanguranye n’ikinjana ca 11.

Bitegekanijwe ko abepiskopi Katolika mu karere ka Amazonie mu mpera za k’uno kwezi barungikira urwandiko Papa Fransisko bamusaba ko abubatse izabo bemererwa kuba ba patiri.