Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi, HCR rishikiriza ko ryiteze gufasha impunzi zirenga 4,000 ziri muri Angola zipfuza gutahuka mu ngo zabo, mu ntara ya Kasai, muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo.
Umuce wa mbere witezwe gutahuka ku bushake bwabo muri iyi ndwi.
Intambara zadutse mu ntara ya Kasai hagati y’imigwi yitwaje ibirwanisho n’abajejwe umutekano mu 2016 zaracurese kandi umutekano wariyongereye.
Izo mpunzi zigiye gutahuka inyuma y’amasezerano yasinywe hagati ya HCR, reta ya Angola hamwe na Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo kw’itariki 23 z’ukwezi kwa munani.