Ingingo ya Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yo kuvana abasirikare ba Amerika muri Siriya ikomeje guterwa ivyatsi n’impande zitandukanye zirimwo abamwegereye bamusaba kuyigaruko.
Hari abafata iyo ngingo nk'ikosa riremereye.
Umukenguzamateka Lindsey Graham akomeye mu mugambwe w’abarepublikani yavuze ko ari ingingo ishobora gukwega akaga. Kubw’uyo mukenguzamateka asanzwe yegereye perezida Trump, ni ingingo izotuma umuhari w’iterabwoba wiyitirira Reta ya Kisilamu ugira inguvu, igata mu kaga abakurdes kandi igatosekaza isura n’igihagararo ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umukenguzamateka Graham yanditse ko azokora ibishoboka vyose kugira aburizemwo iyo ngingo.
Depite Liz Cheney bimenyerewe ko ashigikira perezida Trump akaba ari no mu ba republikani batatu bakomeye mu nama nshingamateka nawe yavuze ko ugukura abasirikare ba Amerika muri Siriya kuzoba ari ukubangamira umutekano wa Amerika no kwibagira ivyigwa Amerika yakuye mu bitero yagabweko igenekerezo rya 11 ukwezi kw’icenda mu 2001.
Hillary Clinton yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Reta zunze ubumwe za Amerika n'amakungu ku ruhande rwiwe yagirije perezida Trump “Kuguza inyungu za Amerika imigenderanire n’ubucuti afitaniye n’abategetsi batwaza agahotoro muri Turukiya no mu Burusiya."
Madamu Hillary yavuze ko ingingo ya Trump ari uguhemukira Amerika, abakurdes n’abakoze ibishoboka kugira umuhari w’iterabwoba wiyitirira Reta ya Kisilamu utuzwe kandi ko ari ingingo itandukanye n’ivyo yarahiriye yimikwa nka Perezida.
Perezida Donald Trump ku ruhande rwiwe yashimangiye ko agihagaze ku ngingo yiwe asigura ko hageze ko Amerika iva mu co yise “Intambara ziteye isoni zidahera kandi zidafise ishingiro.”