Mu Burundi Habaye Imyiyerekano Yiyamiriza Umugwi wa ONU

Doudou Diene, arongoye umugwi wa ONU utohoza ku Burundi

Abaserukira amashirahamwe yigenga akorera ku butaka bw’Uburundi kuri uyu wa gatandatu bahamagariye abanyagihugu mu myiyerekano mu ntara zose yo kwiyamiriza umugwi wa ONU utohoza ku Burundi, uherutse kwongerwa ikiringo c’umwaka.

Bawagiriza gusohora ama raporo aca ivutu Abarundi bari mu gihugu n’abahunze hamwe no gukorana n’abashatse guhirika ubutegetsi muri 2015.

Abatunganije iyo myiyerekano ni mwe mu mashirahamwe akorera hagati mu gihugu. Abayarongoye bavuze ko kubona yitabwe n’abantu benshi ari ikimenyetso ko abarundi barajwe ishinga n’ikibazo c’agateka ka zina muntu.

Mu gihugu cose hasomwe itangazo rimwe kandi risa. Bagiriza abagize umugwi utohoza ku Burundi kuba ibikoresho vy’ibihugu vya Bulaya.

Igihugu c’u Rwanda naco kinegurwa kuba arico conyene ca Afrika cashigikiye iyongerwa ry’ikiringo c’uwo mugwi.

Ariko rero ayandi mashirahamwe y’abarundi nka Ligue Iteka rikorera hanze y’igihugu asanga uwo mugwi ari ngombwa kubaho nkuko vyashikirijwe na Anshaire Nikoyagize, umukuru waryo.

Umugwi wa ONU utohoza ku Burundi washizweho mu mpera z’ukwa cumi na rimwe 2016.

Mu ma raporo umaze gushikiriza kuva ico gihe watunze agatoki bamwe mu bapolisi, abasirikare, abakozi b’iperereza n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi kuba inyuma y’amabi akorwa mu gihugu.

Muri raporo uherutse gusohora, wemeje ko ufise n’amazina y’abategetsi bakekwako ivyaha vyo guhohotera kiremwa muntu n’ivyo mu ntambara kandi ko witeguye kuyahereza sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI n’ubwo Uburundi bwikuye mu masezerano y’iyo sentare kuva muri 2017.