Reta y’Uburundi yatangaje ko umurwi wa mbere w’impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya zizotahuka ku musi wa kane w’iyi ndwi.
Nestor Bimenyimana, umutegetsi wa reta y’Uburundi ajejwe igikorwa c’itahukanwa ry’impunzi yatangarije itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, “Reuters”, ko hafi y’impunzi 1000 ziri mu murwi wa mbere. Amenyesha ko itahukanwa ry’izo mpunzi rikorwa bifatiye ku gushaka kwazo.
Uburundi na Tanzaniya vyumvikanye mu kwezi kw’umunani uyu mwaka ko igikorwa c’ugutahukana impunzi ibihumbi amajana abiri kizotangura kw’italiki imwe y’ukwezi kw’icumi. Ivyo vyatumye haba ubwoba bw’itahukanwa ku nguvu kuri bamwe mu bahungiye muri Tanzaniya.
Umuvugzi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati muri Tanzaniya, yatangaje uno musi ku wa kabiri ko uwuyoboye ubwo bushikiranganji atabonetse buno nyene ari we wenyene ashobora kugira ico abivuzeko.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu bifise ubwoba ko amareta y’Uburundi na Tanzaniya ashobora kuba ariko atahukana impunzi ku nguvu aho zishobora gutotezwa bifatiye ku mvo za politike.
Umuvugizi w’ishami ry’ishirahamwe ONU ryitaho impunziz kw’isi, HCR, Babar Baloch, yatangaje uno musi kuwa kabiri ko umuntu aravye uko ibintu bimeze muri iki gihe mu Burundi bitotuma impunzi zitahuka.
Amenyesha ko abumvise umutekano wabo wokwubahirizwa baza baratashe mu Burundi. Asigura ko yamara muri ico gihe abantu babandanya kuva mu Burundi kubera ibibazo bahura na vyo muri ico gihugu.