Abarundi hafi 3,000 bamaze guhungira mu Rwanda kuva mu ntango z’uyu mwaka wa 2019.
Komite y’impunzi z’Abarundi ziba mu bisagara yemeza ko ku ndwi ku ndwi hari Abarundi baza gusaba ubuhungiro mu bisagara bitandukanye biri mu Rwanda.
Patrice Ntadohoka, perezida w’impunzi ziba I Kigali avuga ko abaza benshi baba ari abanyepolitike bayoboka imigambwe itavugarumwe na reta.
Ntadohoka asaba abariko baraza canke uwobona uwuhunze vuba ko batojuragirika ahubwo ko botumbera ku biro vya HCR kugira bashirwe ku rutonde kuko hari ikindi kiringo co kwandika abashasha gitegekanijwe vuba.
Aho ku biro vya HCR I Kigali, haguma hari abantu baje kwiyandikisha bashasha basaba ubuhungiro. Abenshi muri bo ni Abarundi. Amakuru ava aho avuga ko ku ndwi hashobora kwandikwa abatari munsi ya 45.
Mu mezi atatu aheze n’aho nyene habonetse ibitigiri vyinshi vy’abahunga nkuko Ntadohoka abimenyesha.
Ibitigiri vya nyuma vya HCR vyerekana ko ubu u Rwanda rurimwo impunzi z’Abarundi zirenga gato 71,000.
Mu bisagara cane cane I Kigali habamwo abarenga gato 11,000.
Icegeranyi c’umugwi wa ONU ujejwe gutohoza ku vyaha vy’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi, wabwiye Ijwi ry’Amerika ko no muri Tanzaniya hamwe no muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo ari nkuko, ko haguma hibonekeza Abarundi bashasha bahunga.
Uwo mugwi urongowe n’umunya Senegal Doudu Diène uvuga ko mu matohoza ya wo, abahunga benshi ari abanywanyi b’umugambwe CNL usa n’uwukomeye mu yitavugarumwe na reta.
Mu kiganiro abavugizi b’inzego za reta n’umukuru w’igihugu bahaye abamenyeshamakuru n’Abarundi kuri uyu wa gatatu mu ntara ya Rumonge, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yarahakanye ko ata barundi bariko barahunga ahubwo ko hari abariko barahunguka ku bwinshi.