Pompeo muri Arabiya Sawudite Inyuma y'Ibitero Vyagirizwa Irani

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'amakungu mu mubonano n'umuhungu w'umwami wa Arabiya Sawudite Mohammed bin Salman i Jeddah.

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Pompeo yarabonanye ejo ku wa gatatu n’umuhungu w’umwami wa Arabiya Sawudite Mohammed Bin Salman mu gisagara ca Jeddah, yongera gushimikira mu kuvuga ko Irani iri inyuma y’ibitero ku mahinguriro y’ibitoro vya Arabiya Sawudite.

Pompeo yategekanya no kuja muri Emirat zunze ubumwe z’Abarabu kubonana n’umuhungu w’umwami waho Mohammed Ben Zayed.

Umuvugizi w’umushikiranganji wa Arabiya Sawudite ajejwe kwivuna abansi Col. Turki al Maliki yabwiye abamenyeshamakuru ko indege za Irani zo mu bwoko bwa Drone 18 hamwe na misile indwi arizo zateye ivyo bibanza vy’ibitoro.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yategetse umushikiranganji wiwe w'ikigega Steven Mnuchin ejo kuwa gatatu kwongereza ibihano kuri Irani, ariko ntiyatomoye ivyo bihano ivyo ari vyo.