Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika catanze agashimwe k’imiriyoni zitanu z’amadolari zirenga kuwotanga amakuru y’ahari abategetsi batatu b’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu, ivyo abasesanguzi bavuga ko bishobora guhungabanya uwo muhari w’iterabwoba.
Ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Amerika n’ayandi makungu bushikiriza ko abaronderwa ari Mutaz NumanAbd Nayif Najm al-Jaburi, Sami Jasim Muhammad al-Jaburi na Amir Muhammad Said Abdal-Rahman al-Mawla.
Abahinga bavuga ko abo bategetsi batatu bagize uruhara rukomeye mu burongozi bw’uwo muhari.
Uwo muhari watakaje hafi uturere twose wari warigaruriye muri Siriya na Iraki kuva muri 2014. Kuva ico gihe, warakoze ibitero vy’ubwiyahuzi vyahitanye abatari bake bakoresheje imodokari mur’ivyo bihugu bibiri.
Abategetsi b’Amerika baragabisha ko uwo muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu ubandanya kubangamira umutekano mu karere.
Amerika yaranatanze akandi gashimwe kubazotanga amakuru yotumwa hafatwa abandi bategetsi b’uwo muhari, barimwo al-Baghdadi.