Ubwato Open Arms Bwemerewe Kugerera muri Lampedusa

Abimukira mu bwato Open Arms ku nkengera za Lampedusa, mu bumanuko bw'Ubutaliyano, kuwa kabiri, itariki 20 z'ukwezi kw'icenda 2019.

Abimukira barenga 80 bari mu bwato bwa Espanye bw’abagiraneza bararengewe n’umunezero bumvise amakuru ko Ubutaliyano bwemeye ko bagerera kw’izinga rya Lampedusa.

Ubwo bwato butabara Open Arms bwari bumaze imisi 19 mw’ibahari Mediterane, ku nkengera z’iryo zinga.

Umushikiranganji w’Ubutaliyano w’intwaro mu gihugu hagati, Matteo Salvini yari yarabwankiye gushikira kur’iryo zinga.

Umushikirizamanza w’Ubutaliyano kuri uyu wa kabiri yategetse reta kwakira ubwo bwato, muco itororokanirizo ry’amakuru ry’ico gihugu ANSA ryashikirije ko umushikiranganji Salvini ashobora kwagirwa n’icaha co kunyuruza kuko yanse ko ubwo bwato bugerera ku butaka bw’iryo zinga.