Ibihugu Bihana Urubibe na Congo Bisabwa Gufasha Kurwanya Ebola

Ikarata ya Repubulika iharanira demokarasi ya Congo yerekana ibihugu bibanyi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu (OMS) ryasavye ibihugu bihurikiye mur’iryo shirahamwe, cane cane ibihugu icenda bihana urubibe na Republika iharanira demokarasi ya Kongo gukorera hamwe mu kurwanya ikiza ca Ebola.

Umuyobozi wa OMS, Dr Tedros Adhanom Ghebreyessus yabivugiye i Brazzaville kuri uyu wa mbere mu nama ya 69 ya komiye ya OMS mu karere ka Afrika, aho bategekanya gutora umuyobozi mushasha wa OMS Afrika, isanzwe ifise icicaro ku murwa mukuru wa Congo Brazzaville.

Intumwa 400, zigizwe n’abashikiranganji b’amagara y’abantu ku mugabane w’Afrika zitavye iyo nama, hamwe na perezida Denis Sassou Nguesso. Iyi nkuru Ijwi ry’Amerika riyikesha itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.