Greenland Yiyamirije Iciyumviro c'Uko Iryo zinga ari iry’Ukugurisha

Greenland ni intara nini yuzuye ibarafu

Reta y’intara ya Greenland yiyamirije iciyumviro cuko iryo zinga ari iry’ukugurisha. Ni inyuma yuko hari amakuru atangaje ko prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yaganiye n’abahanuzi biwe mu biro vyiwe, ku vyerekeye kugura iyo ntara y’igihugu ca Danemark.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Greenland bwatangaje mu butumwa ku rubuga, “Twitter” ko iyo ntara yiteguriye gukorana na Amerika, ko yamara itariko iragurishwa.

Yamara si irya mbere Amerika yiyumvira kugira iyo ntara nini yuzuye ibarafu.

William Henry Seward, yari umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Prezida Abraham Lincoln mu myaka y’i 1860 yari yashikirije iciyumviro c’ukugura amazinga ya Greenland na Iceland igihe yariko aganira ivyerekeye kugura intara ya Alaska ku Burusiya.

Mu mwaka w’i 1946, inyuma y’ingwano ya kabiri y’isi yose, Prezida w’ico gihugu Harry Truman yatanze imiliyoni ijana y’amadolari agenewe kugura izinga rya Greenland kubera iyo ntara yashobora kugirira akamaro gakomeye Amerika mu vyerekeye politike mu makungu. Yamara igihugu iyo ntara yegukira ca Danemark caravyanse.