Uwugira Kabiri Yamenyekanye ko Yanduye Ebola i Goma

Abakozi bo mu gisata c'ubuganga bafasha abanduye Ebola muri Kongo.

Abategetsi muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo bemeje ko umuntu agira kabiri yamenyekanye ko yanduye umugera wa Ebola mu gisagara ca Goma.

Dogiteri Aruna Abedi ajejwe gutunganya ibikorwa vyo kurwanya Ebola mu ntara ya Kivu y’uburaruko ni we yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP ejo kuwa kabiri.

Goma ni igisagara kibamwo abantu barenga umuriyoni kandi gihana urubibe n’u Rwanda, aho abantu baharurwa mu bihumbi b’ivyo bihugu bibiri bajabuka n’amaguru ku musi ku musi.

Uwo muntu agira kabiri yafashwe yinjiye muri Goma avuye mu ntara ya Ituri.

Mu ntango z’uku kwezi. Umupasitori yasuzumwe ko yanduye Ebola inyuma y’aho ashikiye i Goma na bus, bituma haba ubwoba ko ishobora kwandukira abantu ningoga kubwo ubwinshi bw’abantu baba muri ico gisagara.