Mu Burundi, sentare isubiramwo imanza ya komine Ntahangwa, mu buraruko bwa Bujumbura yemeje igihano c'imyaka 32 y'umunyororo ku mpirimbanyi Germain Rukuki.
Ingingo y'iyo sentare yashizwe ahabona yongera imenyeshwa abantu kuri uyu wa mbere. Ariko yari yafashwe kw'itariki ya 17 uku kwezi kw'indwi.
Abashingwamanza bunganira Rukuki bavuga ko bababajwe n'iyi ngingo. Bemeza ko bazokwungururiza iyi ngingo muri sentare ntahinyuzwa.
Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Nairobi, Eloge Willy Kaneza aratubwira ido n'ido ry'uru rubanza.
Your browser doesn’t support HTML5