Igihugu ca Irani catangaje ko ata ndege itagira umudereva catakaje.
Ico gihugu cahakanye amakuru yatangajwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko ubwato bw’ingwano bwayo bwasambuye indege itagira umudereva y’igihugu ca Irani mu kigobe ca Hormuz.
Icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Irani, Abbas Araghchi mu butumwa yashize ku rubuga Twitter yavuze ko ata ndege nimwe itagira umudereva batakaje. Avuga ko ubwato bw’ingwano bwa Amerika bushobora kuba bwarashe indege yabwo itagira umudereva kubera ukwihenda.
Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yatangaje ku musi wa kane ko ubwato bw’ingwano bwa Amerika bwasambuye indege itagira umudereva ya Irani yariko igeramira ubwo bwato n’ababukorako mu kigobe ca Hormuz.
Trump yabwiye abamenyeshamakuru ko iyo ndege itagira umudereva ya Irani yari igeze ku metero 900 y’ubwato bw’ingwano bwa Amerika, USS Boxer. Yavuzeko iyo ndege yihojeje akamo k’ukwigirayo.
Trump avuga ko iyo ndege yaciye isamburwa buno nyene. Prezida Trump yavuzeko Amerika ifise uburenganzira bw’ugukingira abasirikare bayo, ibibanza hamwe n’inyungu vyayo.