Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pompeo ari mu gihugu ca Argentine aho vyitezwe ko arondera gushigikirwa n’abategetsi b’ibihugu vyo mu karere ka Amerika yo hagati na Amerika yo mu bumanuko mu rugamba rwa Amerika rw’ukurwanya imirwi y’intagondwa iri mu karere ko mu buseruko bwo hagati y’isi.
Vyitezwe ko Pompeo ashikiriza ijambo mu nama ijejwe kurwanya iterabwoba mu karere ko mu burengero bw’isi ku murwa mukuru w’igihugu ca Argentine, Buenos Aires.
Ku muNsi wa mbere w’indwi iheze, ubushikiranganji bujejwe umutekano bw’igihugu ca Argentine bwatangaje icese ko umurwi w’intagondwa, Hezbollah ushigikiwe n’igihugu ca Irani ukorera mu gihugu ca Libani ari umurwi w’iterabwoba.
Iyi ngingo yatumye Amerika igira ikindi gihugu bicuditse mu rugamba rw’uguhagarika uruhara n’igihagararo c’igihugu ca Irani mu karere ko mu buseruko bwo hagati y’isi no hanze y’ako karere.
Pompeo mu rugendo rw’imisi itatu arimwo mu karere ka Amerika yo hagati na Amerika yo mu bumanuko azogendera kandi ibihugu vya Equateur, Mexique na El Salvador.
Azogerageza kwagura ugukorana hagati ya Amerika n’ivyo bihugu ku bibazo vyerekeye umutekano, ukwiyemeza kwa Amerika ku bijanye n’agateka ka muntu na demokrasi,