Amerika Iratahukana Abayo Bifatanije n'Iterabwoba

Abarwanyi bo mu muhari wa reta ya Kiyisilamu mu myiyerekano muri Raqqa muri Siriya, itariki 30/06/2014

Umunyamerika yahoze mu rugamba ku ruhande rw’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu muri Siriya yaratahukanwe muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, aho yiteze gucirirwa urubanza kuvyaha bijanye n’iterabwoba.

Abategetsi mu bushikiranganji bw’Amerika bwo kwivuna abansi baremeje ko uwo munyamerika yatahukanwe ejo kuwa kane, bavuga kandi ko abasirikare b’Amerika bafashije kumugarukana mu gihugu.

Nta gitigiri nyakuri kizwi c’Abanyamerika bafatiwe muri Siriya bariko barwana ku ruhande rw’iterabwoba, ariko mu kwezi kwa gatandatu abategetsi b’aba Kurdes babwiye Ijwi ry’Amerika ko hari abatari bake bapfungiwe muri Siriya.

Amatohoza yigenga yakozwe na kaminuza George Washington University kw’iterabwoba yatohoje abanyamerika 79 bagiye muri Siriya canke Iraki kwifatanya n’imihari y’iterabwoba kuva mu 2011.