Reta zunze ubumwe z’Amerika kuri uyu wa Mungu yatanguje igikorwa co gufata abimukira baba mu gihugu ubutungane buza bwarabashize ku rutonde rwo gutahukanwa mu bihugu baje bavamwo.
Iryo sekeza, ryemejwe ku musi wa gatanu na perezida Donald Trump, ritegekanijwe gukora ku miryango iharurwa mu majana mu bisagara icenda bikomakomeye birimwo Chicago, Los Angeles na New York.
Perezida Trump yagize ati "Abo bantu bariko binjira mu gihugu batubahirije amategeko, turiko turabasohora dukurikije amategeko,"
Abagiye guhigwa cane ni ababonwa ko babangamiye umutekano, nkuko vyashikirijwe n’umuyobozi w’imfatakibanza w’igisata kijejwe uruja n’uruza rw’abantu hamwe no gucungera imipaka, Matthew Albence.
Iyi ngingo ya Trump ku gufata abo bimukira yitezwe kwakirwa neza n’abamutoye, inyuma y’aho asubiriye kubemerera ko azohasha abimukira bari muri Amerika mu buryo buciye kubiri n’amategeko.
Abatavuga rumwe nawe bo mu mugambwe w’abademokrate bashikirije ko kwirukana imiryango cane cane yamuka muri Amerika yo hagati bitubahirije ikiremwa muntu, kuko benshi baza bironderera ubuzima bwiza.