Abategetsi ba Tuniziya bashikirije ejo kuwa kabiri ko batabaye abimukira 71 igihe ubwato barimwo bwagira bwibire buhejeje kwanduruka buvuye muri Libiya bugana mu Butaliyano.
Ivyo bikorwa vyo gutabara vyabaye ku mugoroba wo kuwa mbere haciye imisi ubundi bwato bwari bwafashe iyo nzira nyene yo mw’ibahari Mediterane buzamye n’abantu 80 bari muri bwo.
Umuvugizi w’igisirikare ca Tuniziya kigenzura inkengera z’amazi, Houcem Eddine Jebali yavuze ako abo 71 bari muri ubwo bwato bose batabawe ubwato butarazama kandi ni bazima.