Abategetsi bajejwe amagara y’abantu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika bahisemwo umukinyi w’umupira w’amaboko yamuka muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, Dikembe Mutombo gufasha mu rugamba rwo kurwanya Ebola mu gihugu ciwe.
Abategetsi bajejwe amagara y’abantu muri Amerika bafashe ingingo yo kurondera Mutombo ngo afashe inyuma y’aho ubushikiranganji bw’Amerika bujejwe imigenderanire n’amakungu butegetse abahinga b’ikigo c’Amerika kijejwe kugenzura no gukinga ingwara, CDC kwigira kure uturere twafashwe kubw’umutekano wabo.
Mutombo yateye akamo asaba abanyagihugu mu turere ico kiza cateyemwo kwiyubara no kwitura abaganga.
Mutombo yashitse muri Reta zunze ubumwe z’Amerika mu myaka y’1980 aje gukurikirana ivyigwa vy’ubuvuzi ariko kandi abifatanya n’inkino, kandi azwi cane ku bikorwa afashisha igihugu ciwe c’amavuko.
Kimwe mu biza vyahitanye abatari bake muri kahise kimaze guhitana abashika 1,500 abandi 2,200 baramaze gufatwa kuva mu kwezi kw’umunani.