USA: Umushikiranganji wo Kumenyeshamakuru Agiye Gusezera

Umushikiranganji wo kumenyeshamakuru mu biro vya perezida Sarah Huckabee Sanders mu kiganiro n'abamenyeshamakuru muri White House, Washington.

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, umushikiranganji wo kumenyesha amakuru mu biro kwa perezida, Sarah Huckabee Sanders agiye kuva mu mabanga yiwe mu mpera z’uku kwezi. Ivyo vyatangajwe na perezida Donald Trump ejo kuwa kane.

Perezida Trump yaramushemagije ku bumenyi bw’igitangaza bwiwe hamwe n’umurimo w’igitangaza yaranguye, yongera ko yibaza ko Sarah Sanders azohiganirwa kuba buramatari wa reta ya Arkansas, ikibanza se amuvyara, Mike Huckabee, yamazemwo imyaka 11.

Sanders yabaye umwe mu bafasha ba perezida yizigiye kuva agitangura amabanga yo kurongora igihugu.

Bamwe mu bamenyeshamakuru baramuneguye ku kuntu yakingira ikibaba perezida adahengeshanya guterana amajambo n’abanyeporitike batavugarumwe, amareta yo mu bindi bihugu kandi yagiriza ibimenyeshamakuru kuba abansi b’abanyagihugu.

Sanders agiye abaye umukenyezi wa gatatu yarongoye ubushikiranganji bwo kumenyeshamakuru mu biro vya perezida, White House.