Sudani: Abasirikare n'Abasivile Bemeye Gusubira Kuganira

Intumwa idasanzwe y'Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, ambasaderi Mahmoud Dirir mu kiganiro n'abanyamakuru i Khartoum, Sudani, itariki 11/06/2019.

Indongozi z’abatavugarumwe n’ubutegetsi muri Sudani zashikirije ko zemeye guhagarika kugarariza ubutegetsi n’imyiyerekano bagasubira kuganira n’abategetsi ba gisirikare barongoye igihugu, mu ntumbero yo gushinga reta mfatakibanza.

Ku rundi ruhande, akanama ka gisirikare karongoye igihugu nako kemeye kubohora imbohe za poritike, ivyo vyashikirijwe n’intumwa idasanzwe ya Etiyopiya, Mahmoud Dirir mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Khartoum ejo kuwa kabiri.

Amenyesha kandi ko impande zose uko ari zibiri zemeye gusubira mu biganiro vuba ku kwegurira ubutegetsi reta abasivile.

Ibiganiro kuri reta mfatakibanza yari yemewe vyahagaze inyuma yo kutumvikana ku ruhande ruzogira ijambo rya nyuma muri ubwo butegetsi.

Mwomenya ko imigumuko muri Sudani yatanguye mu kwezi kwa cumi na kabiri, igihe abanyagihugu biyamiriza iduzwa ry’ibiciro vy’umukate hamwe n’ikena ry’amafaranga, ivyatumye perezida al-Bashir ava ku butegetsi inyuma y’imyaka 30 yari abumazeko.