Abanduye Ebola Barashitse ku 2000 muri RDC

Umupadiri araba abajejwe amagara y'abantu bakurikirana abarwayi ba Ebola i Butembo, muri Kongo, kw'itariki 26/03/2019.

Abantu barenga 2000 baranduye ikiza ca Ebola muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, nkuko vyatangajwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu w’ico gihugu. Abantu 1,346 bapfuye batumye ico gihugu kija ku mwanya wa kabiri ku bantu bishwe na Ebola muri kahise k’isi.

Ku musi wa mbere, uwo mushikiranganji yavuze ko abantu 539 bavuwe barakira uwo mugera.

Uwo mushikiranganji avuga ko kurwanya Ebola vyafashijwe n’umutekano wiyongereye.

Kubw’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, abakozi batanu bari mu bafasha kurwanya ico kiza barishwe n’imihari yitwaje ibirwanisho.