Ingingo Zigiye Gukomezwa ku Basaba Visa zo Kwinjira muri Amerika

Abasaba visa kuri Ambasade y'Amerika i Beijing mu Bushinwa.

Abazosaba Visa zo kwinjira muri Reta zunze ubumwe z’Amerika bagiye kuzosabwa gusigura ingene bakoresheje imbuga zo guhanahanako amakuru za Social media, hamwe n’ayandi makuru y’ivyo bakoze muri kahise.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwa Amerika, bushikiriza ko bazoza barasabwa gushikiriza kahise k’ingene bakoresheje izo mbuga mu myaka itanu iheze, basabwe gutanga nimero za terefone zabo, adresse email, ingendo bagize mu makungu, hamwe n’ibihugu birukanywemwo. Bazobazwa kandi nimba ubwabo canke uwo mu muryango wabo yarifatanije n’iterabwoba.

Uwusaba Visa ariko arafatwa ibimuranga

Ayo mategeko mashasha vyitezwe ko azokora ku bantu bababa imiliyoni 15, barimwo impunzi zizanwa muri Amerika, abipfuza kuhiga, kuhakora imigambi, abipfuza kuza gukora canke gutembera. Abatazokorwako n’iyo ngingo, ni abadiplomate hamwe n’abategetsi.