Umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres ejo kuwa kane yaragenye intumwa yiwe nshasha muri Somaliya, hafi amezi atandatu uwahora ari intumwa yiwe yanswe na Somaliya, aca arirukanwa.
Umudiplomate w’umunyamerika, James Swan niwe agiye kuba intumwa idasanzwe ya Guterres kandi yongere arongore umugwi wa ONU wagiye gufasha muri Somaliya, UNSOM.
Swan agiye gusubirira umunyafrika y’epfo Nicholas Haysom, yirukanwe na reta ya Somaliya mu kwezi kwa mbere, amaze amezi ane gusa agenwe muri ayo mabanga.
Reta ya Somaliya yababajwe n’urwandiko Haysom yarungikiye abategetsi ashikiriza amakenga afise kuri Mukhtar Robow, yahoze ari umutegetsi mu muhari al-Shabab, yahisemwo kwinjira muri politike kandi asaba kwitoza muri reta yo mu bumanuko bushira uburengero.
Umuvugizi wa ONU yashikirije ko James Swan agiye kurungikwa muri Somaliya vuba bwango.