Abatalebani Basaba Inteko Mvamakungu Kuva muri Afuganistani

Intumwa z'abatalibani zishitse mu Biganiro i Moscou mu Burusiya, itariki 28/05/2019.

Abatalibani hamwe n’Uburusiya barasabiye hamwe ko urunani mpuzamakungu rw’abasirikare barongowe na Reta zunze ubumwe z’Amerika bava muri Afuganistani. Umukuru w’Abatalibani yagiriza abo banyamahanga kuba intambamyi y’amahoro muri Afuganistani.

Mullah Abdul Ghani Baradar, umunyaporitike w’icegera c’umukuru w’abatalibani, yashikirije i Moscou ahari hakoraniye intumwa za reta y’Uburusiya na Afuganistani, hamwe n’intumwa z’imihari ya poritike y’ico gihugu.

Uyu mubonano ubaye mu gihe kuri uyu wa gatatu, Abatalibani hamwe n’intumwa za reta ya Afuganistani bategekanya guhura hagati mu gihugu kuganira ku gutsimbataza umugambi w’amahoro mu gihugu cabo.

Iyo nama hagati y’abanyefuganistani ije mu gihe hamaze amezi Reta zunze ubumwe z’Amerika n’Abatalibani bari mu biganiro vyahagaze kuko abatalibani banse guhagarika intambara kiretse abasirikare mvamakungu barongowe na Amerika bavuye muri Afuganistani.