Sena y'Amerika Ntihuza ku Kibazo ca Irani

Umukuru w'ibiro vya gisirikare birwanira ku butaka Gen. Joseph Dunford, hagatir, avuye mu mwiherero n'abakenguzamateka ku kibazo ca Irani. Washington, itariki 21/05/2019.

Sena ya Reta zunze ubumwe z’Amerika ejo kuwa kabiri yaragaraje ukudahuza ku vyashikirijwe n’umugwi w’abo muri reta ya perezida Donald Trump ko Irani ikora agasomborotso kuri Amerika.

Muri uyu mubonano wabereye mu mwiherero, intumwa za reta zari zigizwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Mike Pompeo, umushikiranganji wo kwivuna abansi w’imfatakibanza Pat Shanahan, hamwe n’umukuru w'ibiro bikuru vy'abasirikare barwanira ku butaka Gen. Joseph Dunford.

Ejo nyene, umuvugizi wo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi yabwiye Ijwi ry’Amerika ko iperereza ry’Amerika ryabonye ko Irani ariyo yateye ubwato bw’ibitoro mu kigobe c’Abarabu.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Mohammad Javad Zarif yashikirije ko Irani igira igirweko ihonyabwoko kandi batazigera batinya iterabwoba rya perezida Trump.