Alijeriya: Abanyagihugu Basaba Abakoranye na Bouteflika Gukinjura

Abanyagihugu muri Aljeriya mu myiyerekano, 2019.

Muri Alijeriya, abanyaghugu bari mu myiyerekano barashoboye gutuma Prezida wa Alijeriya, Abdelaziz Bouteflika atanga imihoho. Muri iki gihe bashaka abandi bategetsi bakomeye mu nzego za Reta bava ku butegetsi nabo nyene.

Abanyagihugu ba Alijeriya bariko bategura iyindi myiyerekano mu gihugu cose ejo ku musi wa gatanu. Ivyo kugira basabe ko abategetsi bakomeye muri Reta, mu butungane no muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ry’igihugu bava mu mabanga yabo.

Abo nabo ni umushikiranganji wa mbere, Noureddine Bedoui, umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro, Tayeb Belaiz n’umukuru w’inama nkenguzamateka, Abdelkader Bensalah.

Yamara abahinga mu bijanye n’ibwirizwa shingiro bavuga ko gutuma abo bategetsi bahava vyotuma atabobasubirira buno nyene.

Abari mu myiyerekano bashaka gusubiriza abayobozi mu nzego z’igihugu bavuga ko barangwa na ruswa kandi batwaza agahotoro.

Bouteflika yatanze imihoho muri iyi ndwi inyuma yuko aremewe n’abanyagihugu bari mu myiyerekano.