RDC: Abasirikare 5 Barakometse mw'Isanganya y'Indege i Beni

Beni, Democratic Republic of the Congo

Abasirikare cumi na batanu, barakomeretse bikomeye ejo kuwa mbere igihe indege yo mu bwoko bwa Antonov igiriye isanganya iriko irururuka i Beni mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, nkuko abategetsi ba gisirikare babishikirije.

Iyo ndege yari itwaye ingenzi 68 hamwe n’abakozi bayo bane.

Lieutenant Somwe Mulimbi, ajejwe umutekano ku kibuga c’indege c’i Beni yavuze ko ata n’umwe yapfuye, ariko ko 15 bakomeretse bikomeye, kandi bose ari abasirikare ba FARDC, ba reta.

Umuvugizi w’igisirikare muri iyo ntara, Capitaine Make Hazukai, yavuze ko iyo ndege yataye ibarabara igihe yariko irururuka.

Ku musi wa kane, iyindi ndege yo mu bwoko bwa Antonov yari itwaye ibikoresho vy’amatora yaragize isanganya hafi y’umurwa mukuru Kinshasa, abantu batandatu barahasiga ubuzima.