USA: Abasenateri Bamenye Uwategetse Kwica Jamal Khashoggi

Senateri Lindsey Graham, aganira n'abamenyeshamakuru, abasenateri bahejeje kubwirwa mw'ibanga ivy'urupfu rwa Jamal Khashoggi, n'umuyobozi wa CIA, Gina Haspel, Washington, itariki 04/12/18

Umurwi w’abasenateri bafise igihagararo gikomeye muri Sena ya Reta zunze ubumwe z’Amerika bavuze ejo kuwa kabiri ko hari ivyemeza bihagije ko umuhungu w’umwami wa Arabiya Sawudite, Mohammed bin Salman yari inyuma y’igandagurwa ry’umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi, bahakanye ivyavuzwe na perezida Donald Trump ko ivyo vyagiriji ata kivyemeza.

Ivyo babishikirije inyuma yo kubonana na Gina Haspel umuyobozi w’ikigo CIA kijejwe iperereza hanze y’igihugu, ababwiye ivyo ikigo arongoye catohoje kw'igandagurwa n’ugucamwo ibihumba Jamal Khashoggi kw’italiki ya 2 y’ukwezi kw’icumi.

Uwo mubonano w'abo basenateri n’umuyobozi wa CIA wabaye inyuma yuko ico kigo gikumiriwe mu wundi mubonano wahuje mu ndwi iheze umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu Mike Pompeo n’uwo kwivuna abansi Jim Mattis kur’ico kibazo c’igandagurwa ry’uwo mumenyeshamakuru. Barashigikiye Trump mu kuvuga ko nabo batabona neza uruhara Salman yagize muri ubwo bwicanyi.

Mu kwezi guheze Trump yaragaragaje ko ashigikiye ubwami bwa Arabiya Sawudite, igihugu gicuditse na Reta zunze ubumwe z’Amerika mu kurwanya igikenye ca Irani mu karere ko mu buseruko bwo hagati.