Igitero mu Ntara ya Cibitoke mu Burundi

Mu kwezi kwa gatanu k’uyu mwaka hari igitero cabaye ku mutumba wa Ruhagarika wo muri ino komine nyene ya Buganda, abantu bagera kuri 26 bakahasiga ubuzima.

Abasirikare babiri nibo bemezwa n’inzego z’igisoda c’Uburundi ko bakomerekeye mu gitero c’umurwi witwaje ibirwanisho caraye kibaye muri komine Buganda y’intara ya Cibitoke iri mu burarukjo bw’igihugu c’Uburundi.

Abanyagihugu bo muri ako karere basaba ko abajejwe gucungera umutekano muri ako karere bo kongerezwa.

Uwo murwi w’abantu bitwaje ibigwanisho utaramenyeka, wateye igihe c’isaha zine z’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu.

Mu makuru umukuru w’igisirikare yahaye abamenyeshamakuru b’i Bujumbura avuga ko abo bantu baje bazananye mu gihugu ca Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo.

Bavuga ko binjiriye k’urubibe rw’ico gihugu n’umutumba wa Nyamitanga wo muri komine Buganda y’intara ya Cibitoke.

Hari andi makuru ataremezwa avuga ko abasirikare bane aribo baguye muri ico gitero abandi batandatu barakomereka.

Ariko Colonel Biyereke Floribert avuga ko ari umurwi w’abasuma kandi ko wakomerekeje abasirikare batarenga babiri nyuma yo kuhata inkoho imwe yo mu bwoko bwa Kalashinikov.

Amakuru Ijwi ry’Amerika rikura mu bajejwe intwaro mu ntara ya Cibitoke avuga ko atakintu kiramenyekana c’abanyagihugu cahononekariye. N’ayo kuruhande rwabo barongoye bobo basaba ko inzego z’umutekano zogwizwa muri ako karere.

Twibutse ko mu kwezi kwa gatanu k’uyu mwaka hari igitero cabaye ku mutumba wa Ruhagarika wo muri ino komine nyene ya Buganda, abantu bagera kuri 26 bakahasiga ubuzima.

Inzego z’umutekano zikaba zahavuye zerekana mu mpera z’ukwezi kw’icenda uwiyemerera ko yararongoye umurwi wakoze ubwo bwicanyi.