Agathon Rwasa Yashinze Umugambwe wa Politike

Umushingamateka Rwasa Agathon, mw'ikoraniro ryo gushinga umugambwe mushasha

Umushingamateka arongoye urunani rw’abigenga Amizero y’Abarundi kuri uyu wa gatatu yatunganije ikoraniro ryo gutanguza umugambwe FNL Amizero y’Abarundi. Rwasa yavuze ko ari mu ntumbero yo kwitegura guhiganwa mu matora yo mu mwaka w’2020 mu gihe ibwirizwa Shingiro rishasha ritemera inani z’abigenga.

Rwasa avuga ko ivyakozwe ari ibisabwa kugira umugambwe wemererwe mu bushikiranganji bw’intwaro mu gihugu hagati.

Uyo mushingamateka yemeza ko ivyo bizotuma abanywanyi biwe bakora bari mu mugambwe uzwi n’amategaeko kandi hamwe uyo mugambwe wokwemererwa bizotuma amatora yo muri 2020 atitabwa n’umugambwe umwe.

Abajijwe nimba bavavanuye n’abo barikumwe mu runani rw’abigenga, Rwasa yasiguye yisunga amategeko aca asaba abo bari bafadikanije urugamba muri politike kwisunga amategeko kugira baze bashire inguvu hamwe mu matora ya 2020.

Ijwi ry’Amerika ryashatse kumenya ingene abari mu mugambwe Uprona utemewe n’amategeko bahurikiye mu runani rw’abigenga Amizero y’Abarundi bakiriye iyo ngingo yabo barikumwe. Evariste Ngayimpenda arongoye urwo ruhande avuga ko gushinga umugambwe ataco vyica ku ntumbero bihaye.

Urunani Amizero y’Abarundi rwashinzwe mu matora ya 2015 kugira imigambwe FNL na Uprona itemewe n’amategeko ironke ingene ija mu matora, mbere muri ayo matora urwo runani rukaba rwaronse abashingamateka 30 bica bituma baronka abashikiranganji batanu muri Reta y’Uburundi.