USA Senateri McCain Yaritavye Umuremyi

Senateri John McCain aserukira intara ya Arizona muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, igihe yariko araha ikiganiro abamenyeshamakuru, imbere y'uko aja mu nama na bagenziwe bakorana mu ngora ya Congres ya Amerika mu gisagara ca Washington, kw'igenekerezo rya 19 ry'ukwezi kw'icenda mu mwaka w'2017.

Senateri John McCain, Umurepublulika azwi cane ku ruhara yagize mu buzima bwa Reta Zunze ubumwe za Amerika, yaritavye umuremyi ejo ku musi wa gatandatu afise imyaka 81, inyuma y’igihe yar’amaze agwana n’ingwara ya Cancer.

Prezidanse ya Amerika yaciye ifata ingingo y’uko ibendera rya Reta Zunze ubumwe za Amerika riduzwa gushika hagati gusa.

Mur’iki gihe, abanyamerika bose bariko baramwibuka nk’umuntu adasanzwe, yaranzwe n’ugukunda igihugu hamwe n’ibintu vyose yaranguriye igihugu ciwe.

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yaranditse kuri Tweeter agira ati: ” Ndahojeje umuryango w’umuhizi McCain, kandi ndifatanije n’umuryango wanje mu kumusabira.”

Vice Prezida Mike Pence nawe nyene yaranditse kuri Tweeter agira ati: Umutambukanyi wanje Karen hamwe nanje, turiko turasabira senateur John Macain Cindy, umutambukanyi wiwe apfakaye hamwe n’umuryango wiwe. Ati imana ibahezagire mur’ibi bihe bigoye.

Prezida Barack Obama yahoze arongoye Reta zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’umutambukanyi wiwe Michele Obama, barasohoye itangazo ryo guhoza umutambukanyi wa McCain Cindy hamwe n’umuryango wiwe.

Obama yigeze guhiganwa na McCain mu matora y’umukuru w’igihugu mu mwaka 2008 akanayatsinda, yavuze ko naho batanganya imyaka kandi batari basangiye vyinshi muri politike, ngo we hamwe na Mccain babona kimwe igihugu ca Amerika nk’ikihugu giha akaryo bose mu vyerekeye kwiteza imbere.

Prezida Bill Clinton yahoze atwara Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’umutambukanyi wiwe Hilary Clinton yigeze kuba Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, kandi yakoranye na McCain mu nama nkenguzamateka ya Amerika, nabo nyene barasohoye itangaza rivuga ko McCain yaranguye amabanga ajejwe, ashira imbere inyungu z’igihugu, atishimikiza ivyiyumviro vy’umugambwe.

Prezida George W. Bush yavuze ko McCain yar’umugenzi, kandi azomwamiza ku mutima.