Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump kuri uyu wa kabiri yarashitse i Buruseli mu Bubiligi ku cicaro c’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero rijejwe kwivuna abansi, OTAN, n’ic’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya, amashirahamwe abiri umukuru w’Amerika yama yifatiye mu gahanga.
Ku musi wa kabiri Trump yongeye gusaba ibihugu biri muri OTAN kwongereza intererano zabo mu bikorwa vyo kwivuna abansi no kuriha ibirarane baheranye.
Mu nama ihuza ibihugu bigize uyo muryango ku musi wa gatatu no kuwa kane, Trump ategekanya kugira imibonano n’abakuru b’ibihugu vya Bulaya umwe umwe, nkuko vyatangajwe n’abategetsi mu biro vyiwe vya White House.
Inyuma y’iyo mibonano mu Bubiligi, ategekanya guca yerekeza mu bwongereza, aho azokwakirwa n’umushikiranganji wa mbere Theresa May, inyuma y’aho azoce aja i Helsinki muri Finlande aho azogiranira umubonano na Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya.