Reta ya Congo irabandanya gutegura umugambi wo gukoresha imashine mu gikorwa co gutora mu matora y’umukuru w’igihugu arindiranywe igishika cinshi, ategekanijwe mur’uyu mwaka, naho mur’iki gihe hari amashirahamwe ariko aragabisha kw’ayo matora ashobora kubamwo amahinyu.
Ico gihugu gitunze ubutare bwinshi ku butaka bwaco kiriko kirahimirizwa gukoresha amatora yizewe mu kwezi kwa 12 mur’iki gihe hari amakenga ko Perezida Joseph Kabila yafashe ubutegetsi kuva mu mwaka 2001, ashobora gusubira kugerageza kuguma ku butegetsi.
Yaragumye ku butegetsi inyuma y’aho ikiringo ciwe kirangiriye mu mwaka w’2016, igihe amatora yasibishwa.
Naho amategeko avuga ko Kabila adashobora kuguma ku butegetsi mu kindi kiringo kigira gatatu, abatavuga rumwe na reta yiwe barinuba kw’ashobora kuguma ku butegetsi.
Mur’iki gihe abazokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu bafise ikiiringo ca nyuma co mu kwezi kw’umunani kugira ngo bazobe bamaze kwiyandikisha, ikintu gikomeye kiraje ishinga abanyagihugu, n’uko ikoreshwa ry’imashine zo gutora, rishobora gutuma amajwi yibwa.
Imashine zo gutora zatumweko na reta ya Congo, zikorerwa mu gihugu ca Koreya yo mu bumanuko, zikaba zikorwa na sosiyete yitwa Miru Systems Co.; isosiyete yakoze imashine zategerezwa gukoreshwa mu matora yo mu gihugu ca Argentine mu mwaka 2017.
Izo mashine zahavuye zidakoreshwa mur’ico gihugu, kuko zatowemwo amahinyu y’abahinga bashobora kuzinjiramwo bakaziyovya, nk’uko vyatangajwe n’icegera c’umukuru w’ishirahamwe Enough Project rigenduza amatora.
Izo mashine zirateye amakenga kandi kubera abanyeCongo imiliyoni 40 biyandikishije gutora, bashobora kugira ingorane zo gukoresha ubuhinga bwa none mu gutora.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziri mu bihugu vyanka ko reta ya Congo ikoresha izo mashine mu matora. Ambasaderi aserukira Amerika muri ONU, Nikki Haley avuga kw’abanyagihugu bo muri Congo, bategerezwa gutora bakoresheje impapuro zo gutora, kugira ngo ayo matora ntabemwo ubusuma.