Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump na Perezida wa Koreya y’epfo, Moon Jae-in yabonanye uno musi ku wa kabiri mu ngoro ya perezida, “Maison Blanche”. Babonanye mu gihe amakenga atera yiyongera ku vyerekeye ukugenda neza kw’inama hagati ya Prezida Trump n’umutegetsi kizigenza wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, n’uko iyo nama izoba nk'uko bitegekanijwe.
Mu kiringo c’amasaha abiri y’ibiganiro uno musi ku wa kabiri, Moon Jae-in yagerageje guhumuriza Trump ko inama hagati yiwe na Kim Jong Un mu kwezi kuza ishobora kuzotuma intambwe zikomeye zishikwako.
Kubw’abategetsi ba Reta y'Amerika no mu makungu, Prezida Trump yarabajije abahanuzi biwe n’abategetsi b’ibihugu vyo mu mahanga nimba yoja muri Singapour kubonana na Kim Jong Un.
Icegera ca perezida wa Amerika, Mike Pence yatangarije televiziyo, “Fox News” ku musi wa mbere ko Trump azoshobora kuva mu biganiro na Kim Jong Un n'iyo vyibonekeza ko bitazoshikana ku gukuraho ibirwanisho ruhonyanganda mu kigobe ca Koreya. Pence yatangaje ko Reta ya Prezida Trump itazohendwa na Koreya ya ruguru nk’amareta y’imbere y'aho.