ONU: Impagarara Ziriyongera Imbere ya Kamarampaka mu Burundi

Umukuru w’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu vyitaho agateka ka zina muntu Zeid Ra’ad al Hussein

Umukuru w’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu vyitaho agateka ka zina muntu, Zeid Ra’ad al Hussein, yatangaje ko atewe amakenga n’ubwicanyi hamwe n’uruhagarara vyasubiye kwiyongera muri iki gihe mu Burundi. Uyu mutegetsi wa ONU yafatiye ku ruhagarara rwavuye ku gitero cagandaguye abasivile 26 mu ntara ya Cibitoke mu ndwi iheze.

Abakenyezi 10 hamwe n’abana 11 bari mu bantu baguye muri ubwo bwicanyi butagira izina bwakozwe n’abantu bitwaje ibigwanisho bataramenyekana mu ntara ya Cibitoke, iri ku birometero 60, amaja mu buraruko bushira uburengero bw’umurwa mukuru Bujumbura.

Umushingantahe Zeid avuga ko ico gitero kije gusongera isibe mu gihugu kirangwamwo ibihuha kandi muri iki gihe n’ibiganiro bihuza Abarundi vyahagaze. Avuga ko ivyo biteye amakenga abatari bake bibaza ibishobora gushika imbere y’uko iryo tora riba hamwe n’inyuma yaryo.

Zeid avuga ko abategetsi b’Uburundi batangaje ko bagiye gukora itohoza, akaba kandi abateye akamo kabasaba gukora ibishobotse vyose kugira ngo iryo tohoza rikorwe mu buryo bugorotse kandi rikorwe neza.

Uwo mutegetsi wa ONU Zeid yasiguye ko abanyapolitike batari bake batavuga rumwe na reta hamwe n’abantu biyamamarije gutora OYA, bahagaritswe, abandi nabo bagapfungwa n’abajejwe umutekano, rimwe na rimwe bafashijwe n’imbonerakure.