Ishirahamwe CPJ ryishinze gukingira abamenyeshamakuru risaba Abategetsi b’Uburundi guhagarika ingingo bafashe yo guhagarika amezi atandatu gusamiranira ku mirongo ya FM amaradiyo Ijwi ry’Amerika na BBC. Ivyo CPJ yabishikirje kuri uyu wa mbere.
Urwego CNC rujejwe kugenzura uko ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi, mu kwezi kwa gatanu, itariki zine rwagirije ayo maradiyo guca kubiri n’amategeko agenga umwuga wo kumenyesha amakuru hamwe n’akarangamutima k’uwo mwuga, gurtyo rufata ingingo yo guhagarika ayo maradiyo.
Ingingo yo guhagarika amaradiyo Ijwi ry’Amerika na BBC yatanguye gushirwa mu ngiro kuri uyu wa mbere, imbere y’itariki 17 z’ukwezi kwa gatanu, aho Uburundi buzotunganya referendumu kw’ihinyanyurwa ry’Ibwirizwa shingiro. Mugihe ryokwemezwa, Perezida Nkurunziza ashobora kubandanya ategeka gushika mu mwaka wa 2034.
Abamenyeshamakuru babiri batashimye ko amazina yabo amenyekana ku mvo z’umutekano wabo, babwiye CPJ ko iyo ngingo ari uburyo bwa reta bwo kuzivya abatavugarumwe nayo imbere ya referandumu.
Uburundi bwarigeze kuba mu bihe kumenyeshamakuru biteye imbere ariko uwo mwuga wagiye urabangamirwa mu myaka iheze. Hagati y’ukwezi kwa kane 2015 n’ukwezi kwa munani 2015, abamenyeshamakuru b’Abarundi bashika 100 barahunze igihugu, inyuma y’ibitero bakorewe, iterabwoba, mu gihe hari icuka kibi ca politike cabayemwo no gushaka gutembagaza ubutegetsi, nkuko amatohoza yakozwe na CPJ yabivuze.