VOA Iriyamiriza Ingingo yo Guhagarika Ibiganiro Vyayo mu Burundi

Ijwi rya Amerika rimenyesha ko ryiyamirije ingingo yo guhagarika ibikorwa vyayo vyo gutangaza amakuru mu kiringo c’amezi atandatu, yafashwe na reta y’Uburundi; ingingo izotangura gushirwa mu ngiro kuva kw’igenekerezo ry’7 ry’uku kwezi kwa gatanu.

Umuyobozi w’Ijwi rya Amerika, Amanda Bennett yagize ati: “Twatangajwe n’iyo ngingo yafashwe uyu musi n’urwego rw’igihugu rujejwe kugenduza ibinyamakuru n’amaradiyo mu Burundi, ibuza iradiyo Ijwi rya Amerika gutangaza amakuru.”

Ati: “Abanywanyi b’iradiyo Ijwi rya Amerika bazeye amaso kw’iradiyo Ijwi rya Amerika, ibaha amakuru y’imvaho; amakuru ataho yegamiye kandi adaca ku ruhande y’ibibera hirya no hino kw’isi, ari naco gituma iyo ngingo ibangamiye Abarundi babujijwe kwumva amakuru y’imvaho muri ibi bihe igihugu kirimwo.

Bennett yavuze ko ayo makuru ateye agahinda cane cane mur’iki gihe hari haheze umusi umwe amakungu yibutse umusi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo gutangaza amakuru, umunsi usaba ibihugu gukura, aho gushinga inzitizi ku binyamakuru n’amaradiyo.

Ibiganiro vy’iradiyo Ijwi rya Amerika, bizobandanya kwumvikana mu Kirundi no mu Kinyarwanda ku mirongo yacu migufi yitwa shortwave, ku buhinga ngurukanabumenyi hamwe no ku mirongo ya FM mu bihugu bibanyi vy’Uburundi.