Abaforoma Basubiye ku Mirimo muri Zimbabwe

Abantu bandikira amakete icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu muri Zimbabwe basaba ko Abaforoma basubizwa mu bikorwa, itariki 20/04/2018.

Abaforoma bashika ku bihumbi 16 muri Zimbabwe kuri uyu wa mbere barasubiye ku mirimo yabo, inyuma y’indwi bari bamaze mu myiyerekano yahungabanije ibikorwa mu bitaro muri ico gihugu.

Umushikiranganji wa Zimbabwe ajejwe amagara y’abantu yavuze ko ibintu vyasubiye mu buryo mu bitaro vyose.

Abaforoma bagiye mu myiyerekano yo guhagarika akazi basaba reta kubongera imishahara no kuborohereza mu buryo bakora.

Abaforoma muri Zimbabwe mu bitaro vya reta bakoresha ibikoresho vyashaje kandi abarwayi bategerezwa kugura imiti mu mamangazini y’abikorera ku giti cabo.