Umusirikare wa ONU Yarishwe n’Intagondwa muri Mali

Umusirikare w'Umudagi wo mu nteko za MINUSMA ahagaze ku kambi y'i Castor i Gao, Mali, itariki 5/04/2016.

Inama ya ONU ijejwe agateka ka muntu kw’isi iranegura yivuye inyuma igitero cagizwe n’intagondwa kw’ikambi ya gisirikare ya ONU muri Mali. Ico gitero cakozwe ku musi wa gatandatu mw’ikambi iri mu buraruko bw’igihugu.

Umusirikare wa ONU aturuka muri Burkina Faso yarishwe muri ico gitero cagizwe mu gisagara ca Timbuktu. Abantu batari bake barahakomerekeye harimwo n’umusirikare w’umufaransa.

Ibiro ntaramakuru vy’Abanyamerika Associated Press bitangaza ko cumi na batanu mu bagize ico gitero bishwe aho inteko za ONU zariko zirivuna umwansi.

Igisirikare c’Abafaransa kimenyesha ko ico gitero cari gikomeye kandi ko kitari gisanzwe, kubera abo barwanyi bari bafise imyambaro y’inteko za ONU zizwi nka MINUSMA.