Zuma Agiye Gukurikiranwa Muri Sentare

Jacob Zuma yahoze ari Perezida wa Afrika y'epfo

Jacob Zuma, yahoze ari prezida w’igihugu ca Afrika y’epfo, azokwirikiranwa ku vyaha vya ruswa yagirizwa bijanye n’amasezerano yerekeye ibirwanisho n’abanyamahanga yabaye mu mwaka w’i 1990.

Ivyo vyatangajwe n’ibiro vy’umushikirizamanza mukuru w’igihugu.

Umushikirizamanza mukuru w’igihugu, Shaun Abrahams, mw’itangazo yashikirije mu gisagara ca Pretoria, yamenyesheje ko Zuma azokwirikiranwa ku bijanye na ruswa.

Iyo ngingo ifashwe ukwezi kumwe inyuma yuko Zuma atanze imihoho, aremewe n’umugambwe wiwe, ANC.

Ku bw’umushikirizamanza mukuru w’igihugu, Abrahams, abantu bose bategerezwa kuringanira imbere y’amategeko.

Zuma avugwa ko yaronse ibiturire vy’agaciro k’imiliyoni zine n’ibihumbi amajana abiri y’ama euro ku masezerano y’ibirwanisho igihugu ca Afrika y’epfo cateyeko umukono n’amashirahamwe atari make y’abanyamahanga mu mwaka w’i 1999.

Ico gihe Zuma yari icegera c’umukuru w’igihugu.

Yari yashoboye gushika mur’iki gihe kwirinda gukwirikiranwa kuri iyo dosiye itoroshe.