Indongozi z’umugambwe ANC, uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo zari zigikoranye mu mwiherero ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere bataragira ico bashikako ku ngingo yo gukura perezida Jacob Zuma, aboneka ko adashaka kuva ku butegetsi.
Indongozi 107 zo ku rwego rwo hejuru rufata ingingo za ANC bahuriye mw’ihotero iri mu gisagara ca Pretoria kuva ku muhingamo wo kur’uyu wa mbere kugira barondere inyishu ico kibazo.
Amakuru yashikirijwe na radiyo televiziyo yo muri Afrika y’epfo, SABC, avuga ko hari imodoka zatwaye umukuru wa ANC, Cyril Ramaphosa gushika ku kirimba ca perezida kugira bamumenyesha ko umugambwe wafashe ingingo yo kumuha amasaha 48 kugira atange imihoho. Ariko ayo makuru ntaremezwa n’uburongozi bw’umugambwe.
Ari nka hamwe Perezida Zuma yokwanka gukinjura akurikije amategeko ya ANC, inzira izoba isigaye azoba ari iyo gukomborwa biciye mu nama nshingamateka.
Mu ndwi Iheze, Cyril Ramaphosa aramutswa ANC, yaragiranye ibiganiro na Perezida Zuma amaso mu yandi kugira bakure ico kibazo mu nzira. Yamara ivyo biganiro ntaco vyavuyemwo.