Afrika y'Epfo: Ubutungane Burasagirije Abatunzi Bitwa Gupta

Prezida Jacob Zuma, ari imbere y'inama nshingamateka mu gisagara ca Cape Tow, mu gihugu ca Afrika y'Epfo, kw'igenekerezo rya 2 ry'ukwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka w'2017

Ubutungane mu gihugu ca Afrika y’epfo bwafashe ingingo ya mbere y’ukurondera igice c’amafranga akekwa kuba yanyurujwe n’abanyemali bakomeye bavukana, bazwi kw’izina rya Gupta.

Abo banyemali baranzwe n’amarorerwa ya ruswa ageramiye perezida wa Afrika y’epfo, Jacob Zuma.

Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru w’igihugu, vyemeje kur'uyu wa kabiri, ko vyahawe uburenganzira na sentare bwo guhagarika imiliyoni ijana na cumi z’ama Euro, abo banyemali baronse mu buryo budakwiriye mu mwaka w’ 2016.

Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru muri Afrika y’epfo bitangaza ko babona ko bazoronka ayo mafranga mu kiringo c’umusi umwe canke ibiri yimirije.

Ku bw’ibiro vy’umushikirizamanza mukuru, amadosiye 17 yaruguruwe ku mashirahamwe akorana n’abanyemali bazwi kw’izina rya Gutpa. Ivyo biro vyizeye ko bizoshobora kuronka amafranga agera ku miliyaridi zitatu n’imiliyoni amajana atatu z’ama Euro y’amafranga y’igihugu.

Umuryango wa Gupta ukomoka mu gihugu c’Ubuhindi ukwirikiranwa ku vyagirizo bitari bike vya ruswa bidasiga inyuma Perezida Zuma.

Mu mwaka w’ 2016, raporo yashizwe ahagaragara yerekanye ukwivanga kw’uwo muryango mu biraba reta ya Afrika y’epfo. Harimwo ukugena abashikiranganji kugira baronke amasoko ya Reta.

Perezida Zuma yaremeye ko we n’umuryango Gupta ari abagenzi. Yamara yariyamirije yivuye inyuma kw’ata kintu na kimwe yigeze arondera kuborohereza.