Amnesty: Uburayi Bwarafashije mu Vyashikiya Abimukira muri Libiya

Abimukira bafatiwe ku kivuko muri Libiya.

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka kazina muntu, Amnesty International ryatangaje kur’uyu wa kabiri ko Uburayi bwagize uruhara mw’ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu ryakozwe n’abategetsi ba Libiya ku mpunzi n’abimukira bariko bagerageza kujabuka ibahari mediterane.

Muri Raporo yaryo, Amnesty yavuze ko amareta ya Buraya yashigikiye ibikorwa bigayitse vyakozwe n’abasirikare ba Libiya bakingira inkengera z’ibahari.

Amnesty ivuga kandi ko ibihumbi amajana vy’impunzi n’abimukira bashizwe mu mitego n’abategetsi ba Libiya, imirwi y’abarwanyi hamwe n’abakora urudandazwa rw’abantu ku nyungu z’amafaranga.

Iyo raporo ivuga ko abimukira barenga ibihumbi 20 bapfungiwe mu bigo muri Libiya aho baborezwa igufa, bakoreshwa ibikorwa biruhije ndetse no kwicwa bamwe bakicwa.