Somaliya na AMISOM Baritegurira Gutera Bikomeye Al-Shabab

Perezida wa Somaliya Abdullahi Mohamed hagati, ministre wa mbere Hassan Ali Khayre i buryo hamwe n'umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare

Amakuru ava mu bategetsi ba reta ya Somaliya hamwe n’abanyagihugu bariko barabona ibiriko biraba bavuga ko abasirikare ba reta hamwe n’aba AMISOM bariko barategura igitero sindamusiga ku bwaranyi ba al-Shabab.

Umunyagihugu wo mu ntara ya Lower Shabelle yabwiye Ijwi ry’Amerika kur’uyu wa kane ko abasirikare baharurwa mu bihumbi, ibikoresho vya gisirikare birimwo n’ibikoho binini binini hamwe n’ibiduga vya gisirikare biriko birakoranirizwa mur’ako karere.

Uwundi mutegetsi wa reta yavuze ko abandi basirikare bariko barungikwa mu micungararo y’ikibuga c’indege ca Bale Dogle, kiri ku birometero 56 uva ku murwa mukuru Mogadishu.

Abategetsi ba Somaliya barimwo n’umukuru w’igihugu bari baragabishije ko bategerezwa kuzokwihora igitero c’iterabwoba cabaye I Mogadishu kw’itariki 14 y’ukwezi kwa cumi cahitanye abarenga 300. Al-Shabab ntiyigeze iciyitirira, ariko reta yo icegeka kur’uyo muhari.