Abadandaza Bagiye Kuronswa Ibibaranga mu Burundi

Burundi Julius Bucumi, ajejwe gutororokanya amakuru mu biro OBR, hamwe na Ramadan Nkurikiye umuhanuzi mukuru w'umukuru w'igisagara ca Bujumbura

Kuva kuri uyu wa kabiri mu Burundi hatanguye isekeza ryo kwandika abadandaza bakora urucuruzwa rutanditswe. Bahejeje kwandikwa bazoca bahabwa inumero ndangamudandaza.

Ikigo OBR kijejwe kwegeranya amatagisi n’amakori gisigura kw' iri sekeza rikozwe mu ntumbero yo kworohereza abo badandaza hamwe n'ukwinjiza amakori n’amatagisi mu kigega ca Leta.

Abegwa n’iyi ngingo bavuga kw' ije hageze, bakizera ko bazoroherezwa mu kazi kabo ka misi yose kurusha uko vyahora.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza ari i Bujumbura mu Burundi ni we yakurikiranye iyi nkuru.

Your browser doesn’t support HTML5

Gufasha Abadandaza kumenyekana muri reta