75 Kw'Ijana vy'Abana Kw'isi Barabangamiwe

Abana bo mu bwoko bw'aba Yazidi bahunga intambara muri Iraki

Hafi y’ibice bitatu kuri bine vy’abana bo kw’isi barahohoterwa buri mwaka. Ivyo vyavuye mu vyigwa vyakozwe mu bihugu vyaba ibitunze canke bikenye.

Ico cegeranyo co mu mwaka w’2017 casohowe n’ishirahamwe “Know Violence in Childhood” ishirahamwe mpuzamakungu rivugira abatagira aho bavugira rimaze imyaka itatu rishinzwe mu Buhindi, cerekana kandi ko uguhohotera abana gufitaniye isano n’ububi bukorerwa abakenyezi.

Ivyo vyigwa vyerekanye ko abana bashira ahabona amabi akorerwa abavyeyi babo babizira canke bakaruhira gukora amabi nk’ayo bakuze.

Ivyo vyigwa vyasanze guhohotera abana ar’ingeso iri kw’isi nzima, aho abana bashika umuriyaridi n’abice indwi buhura n’ayo mahano buri mwaka. Ayo nayo ni uguterwa ubwoba, gushirwa mu barwanyi, gushurashuzwa ku nguvu, kuborezwa igufa haba muhira canke mu mashure bigamwo, n’ibindi.