Inkuba Yishe Abantu 8 Muri Kongo

Abantu umunani barapfuye bakubiswe n’inkuba mu gice cicukurirwamwo inzahabu mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Congo.

Musitanteri w’intara ya Dungu mu ntara ya Haut-Uele, Christophe Ikando yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP, kw’abantu 30 bakubiswe n’inkuba. Indwi muribo bapfuye buno nyene, mu gihe uwigira umunani yapfiriye mu bitaro ahitanywe n’ibikomere yagize mur’iyo mpanuka.

Iyo mpanuka yabaye igihe imvura y’isegenya mu gice gicukurirwamwo inzahabu ca Samabia, aho abantu bakubiswe n’inkuba bariko bacukura ibitoro bakoresheje uburyo bwa kera.

Jacques Wane aserukira abanyagihugu muri ako karere yemeje igitigiri c’abapfuye n’abakomeretse amenyesha kw’isanganya nkiryo ar’ibintu biba kenshi muri iyo ntara, itunze inzahabu, ku rubibe Congo ihana na Sudani yo mu bumanuko.

Mu mwaka w’i 2016, ishule rito ryo muri ako karere yarakubiswe n’inkuba, abanyeshule batatu barahasiga ubuzima, mu gihe umwigisha yakomeretse bikomeye.