Rwanda: Indorerezi z'Amatora Ziragabishwa Kutivanga muri Politike

Amatora mu Rwanda 2017

Komisiyo y’Igihugu y’amatora mu Rwanda, yabujije indorerezi z’itora kwivanga muri Politike z’igihugu.

Ivyo vyashikirjwe kur’uyu wa kane na Kalisa Mbanda, perezida w’iyo komisiyo mu mubonano yagiranye nabo.

Indorerezi zaturutse mu gihugu imbere no hanze yaco, zakoranye inama na Komisiyo y’igihugu y’amatora, zibuzwa kwivanga mu bikorwa by’amatora no kubangamira imigendekere myiza yayo kandi zikirinda gutangaza ibyavuye mu matora, mbere y’uko iyi komisiyo ibitangaza.

Kalisa Mbanda avuga ko komisiyo ayobora imaze kwakira indorerezi zirenga 1300, zirimo 920 bakomoka imbere mu gihugu, na 414 b’abanyamahanga.

Ibindi kur'iyi nkuru, twumvirize umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Rwanda, Assumpta Kaboyi

Your browser doesn’t support HTML5

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Assumpta Kaboyi