Abarimyi bo mu Kirundo Bariziganiriza Kazoza

Amatoni aharurwa mu 2000 y’ibifungurwa yarabikijwe n’abanyagihugu bo mu ntara ya Kirundo mu bigega rusangi.

Abo banyagihugu bafashe uyo mugambi inyuma y’aho abajejwe intwaro, babatereye akamo ko kuziganya mu ntumbero yo guhangana n’ibiza vy’uruzuba n’inzara.

Yamara bamwe muri bo bavuga ko bimbuye bike, bigashobora kutazobashikina ku rindi sarura. Hari n’abavuga ko bataronse ico baziganya.

Umuhanuzi mukuru wa buramatari w’intara ya Kirundo avuga ko hategekanijwe n’ibigega vyo gushigikirana.

N'inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi rya Amerika Jean Bosco Ndarurinze ukorera mu Kirundo.

Your browser doesn’t support HTML5

Abanyakirundo bariteguriye kuziganya